Umukuru wa Kenya avuga ko ubutumwa bwo muri Haiti buzoba vuba n’ubwo hari ingingo ya sentare ibuhagarika

Ahavuye isanamu, Kenya presidency/X

Insiguro y’isanamu,

Perezida Ruto avuga ko ubutumwa bwo muri Haiti buraba zina muntu wese

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya yagirije umukuru w’igihugu Willian Ruto kuba afise umugambi wo kwirengagiza ingingo ya sentare mu kurungika abaporisi muri Haiti.

Ekuru Aukot, ku ndwi iheze yaratsinze urubanza rwo kubuza irungikwa ry’abaporisi muri Haiti, avuga ko umukuru w’igihugu arekuriwe kurungika hanze abasirikare gusa, ko abaporisi batarimwo.

Sentare yavuze ko ubwo butumwa buteye kubiri n’amategeko.

Perezida Ruto yavuze ku wa kabiri ko ubwo butumwa bushobora kuba ”no ku ndwi iza” hamwe ibijanye n’impapuro zose vyohera kugira ivyasabwe na sentare vyose bironke inyishu.

Crédito: Link de origem

- Advertisement -

Comentários estão fechados.