Umukuru wa Kenya avuga ko ubutumwa bwo muri Haiti buzoba vuba n’ubwo hari ingingo ya sentare ibuhagarika
Ahavuye isanamu, Kenya presidency/X
Perezida Ruto avuga ko ubutumwa bwo muri Haiti buraba zina muntu wese
Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya yagirije umukuru w’igihugu Willian Ruto kuba afise umugambi wo kwirengagiza ingingo ya sentare mu kurungika abaporisi muri Haiti.
Ekuru Aukot, ku ndwi iheze yaratsinze urubanza rwo kubuza irungikwa ry’abaporisi muri Haiti, avuga ko umukuru w’igihugu arekuriwe kurungika hanze abasirikare gusa, ko abaporisi batarimwo.
Sentare yavuze ko ubwo butumwa buteye kubiri n’amategeko.
Perezida Ruto yavuze ku wa kabiri ko ubwo butumwa bushobora kuba ”no ku ndwi iza” hamwe ibijanye n’impapuro zose vyohera kugira ivyasabwe na sentare vyose bironke inyishu.
Mu kwezi kwa Munyonyo (11), inama nshingamateka yaremeje irungikwa ry’abaporisi 1.000 kurongora inteko mpuzamakungu muri Haiti, aho imigwi y’inkozi z’ikibi iguma yagura uturere igenzura.
Ariko ku ndwi iheze, umucamanza yavuze ko inama ya Kenya ijejwe umutekano, irongowe n’umukuru w’igihugu, idafise ububasha bwo kurungika ingabo z’igiporisi hanze y’igihugu.
Yongeyeko ko iyo nama ishobora gusa kurungika abasirikare, ko abaporisi batarimwo, mu bikorwa vyo gucungera amahoro, nko muri Haiti.
Sentare yavuze kandi ko hategerezwa kuba umwumvikano wo gusubirizanya mu nkoko wemejwe n’ibihugu vyompi imbere y’uko haba irungikwa.
Ariko arashikiriza iyo ngingo, umucamanza Chacha Mwita yashimagije kuba Kenya yari yari yemeye kurungika abaporisi muri Haiti, ariko yavuze ko bitegerezwa gukorwa hisunzwe amategeko.
Avugira iyo ari mu nama y’ibihugu vya Africa n’Ubutaliyano i Roma, perezida Ruto ku wa kabiri yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko hazoza vuba ubusabe buzoheza bukishura ibisabwa na sentare ya Kenya.
”Ubutumwa buri mu nzira. Ubwo butumwa buraba zina muntu, nk’uko yongeyeko.
Ruto avuga ko haheze amezi Haiti yanditse isaba ubwo butumwa.
Korir Sing’oei, umutegetsi mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire, mu rukurikirane bw’ubutumwa kuri X (yahoze ari Twitter), yavuze ko kurungika abaporisi muri Haiti bitazoba biteye kubiri n’ibwirizwa shingiro bibaye hakurikijwe umwumvikano w’impande zompi wo gusubirizanya mu nkoko.
Ariko Aukot avuga ko irungikwa ry’abaporisi risaba ibirenze kuba ibihugu bibiri vyavyumvikanye.
”Ukurikije amategeko n’ibwirizwa shingiro, ntushobora kurungika abaporisi hanze ya Kenya”, nk’uko Aukot yavyanditse kuri X, yagiriza uwo mutegetsi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire guhuvya umukuru w’igihugu.
Muri ico kiganiro co ku wa kabiri, Ruto yavuze ko ari igikorwa c’igiporisi atari igikorwa c’igisirikare.
Reta ya Kenya yavuze ko izokwunguruza kuri iyi ngingo ya sentare.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku ndwi iheze zavuze ko zishigikiye reta ya Kenya mu kwunguruza kuri iyo ngingo.
Ariko abatavuga rumwe na reta muri Kenya ku wa kabiri bagabishije Amerika kuri uko kwivanga mu biraba Kenya ubwayo.
Ntibiramenyekana ryari reta ya Kenya izotanguza urubanza rwo kwunguruza muri sentare canke niba ibindi bihugu vyemeye kurungika ingabo nkeya kurusha Kenya gushigikira izo nteko mpuzamakungu bizoheza bikemera kujayo vyonyene.
Mu bihugu vyemeye kurungika abaporisi harimwo Bahamas, Antigua na Barbuda, hamwe na Amerika yemeye gutanga miriyoni 200 z’ama dorari yo gushikira iryo rungikwa.
Intumwa ya ONU ku ndwi iheze yavuze ko intureka y’imugwi y’inkozi z’ikibi muri Hati zigeze ”habi cane” aho haharurwa abantu hafi 5.000 bishwe mu mwaka uheze.
Crédito: Link de origem



Comentários estão fechados.